Press "Enter" to skip to content

URWENGE, URUHENDO, TUVYIYAMIRIZE

rl 0

« Intsinzi ku ruhendo n’urwenge izoba intambwe ikomeye ku mahoro arama mu Burundi ; kandi iyo ntsinzi iri hafi » (ACOPA-BURUNDI).

Iki gice c’ibiganiro gihariwe kuvumbura Urwenge rugamije guhenda, vyama bikoreshwa n’abantu canke imirwi ; na cane cane  abagira politique bamwe bamwe, canke ababashigikiye kugira bashike kuvyo bipfuza bakoresheje abandi ku nyungu zabo. Duteye akamo abashobora bose kuduha inkuru bumvise canke babonye, ndetse n’uwashoboye gutahuza neza mu vyiyumviro ico kibazo c’uruhendo, kugira dufadikanye kuzoshira ahabona ubwo bwiyorobetsi, ntibuze busubire gukora amaroregwa aha mu gihugu iwacu. Mbega mu muco w’ikirundi canke mu mibereho y’abarundi, urwo ruhendo canke urwo rwenge biribonekeza ? Vyatuzaniye iki ? Mbega twokumva iki iyo hari abashira imbere « Kugofera » ?

Ico twokwemeza nuko hano mu Burundi, hariho ibimenyeshamakuru vyacitse nk’imirwi y’abamotsi ; bigakorera abantu, imirwi y’abantu canke imigambwe. Ivyo bikunyugwa no kwima ijambo abandi barundi badahuje ivyiyumviro, kugira vyitwe ko ivyiyumviro vyabo bitabaho canke ari ivyabake. Muri kahise ka vuba, abantu barajanye nyabahururu, uruhendo rwababoreye, urwenge rwabahumye amaso, hanyuma abarundi bagwa mu mutego wo gusobanurana, mu mutego wo kwicana, amaganya n’amarira akwira igihugu cose. Ba Nyirabayazana baba barakamishije ukutamenya n’ukurangara kw’abenegihugu ; basigara baratwengera mw’ijigo.

Tuvuga tuti ivyago vyabaye muri kino gihugu ntibigasubire ; kandi turashoboye kubikinga igihe  twokwemera tukama dushishoza, tukama dufise ca kibazo co kumenya akunguko dukura mu nkuru kanaka bama basubiramwo canke bashira imbere ; tukanka kumiragura inkuru ukwije. Nico gituma duhamagarira bose kuduterera inkuru bazi, cane cane iziteye amakenga, kugira tuzihereko, turondere  igituma nyaco zatanzwe, ariko bene kuzitanga bo banyegeje. Kenshi abakoresha urwenge, barondera gusunikira abandi mu bikorwa canke mu nyifato barondera gukamisha, kandi uwagiye muri ico gikorwa canke yagize iyo nyifato ata na kimwe ahanoba, canke mbere ahomba. Uturorero tuzotangwa.

Ni kuki ACOPA-BURUNDI yemeza ko intsinzi ko urwenge rugamije uruhendo iri hafi ?

Ibintu bikuru bikuru bibiri birasigura neza igituma iyo ntsinzi iri hafi.

Ubwa mbere, Uwukoresha urwenge yoroherezwa n’abo arugirako. Ivyo bishoboka kubera abantu bamwe bataronka umwanya wo kumva inkuru neza, ngo bayitahure, ibanyure, bamenye imvo n’imvano yayo. Ivyo bigatuma bafata ivyoroshe, kubera babisubiyemwo kenshi, canke umengo harimwo inyungu zabo, naho shwi.

Ica kabiri, nuko ingendo y’uwurondera kwifatira abandi mu minwe irazwi neza: Imvugo yiwe ifise intumbero zibir nkuru nkuru : intumbero y’ukwerekana ko ari intungane gusumba abandi, arivyo twita kwiyorobeka ; ivyo bikagundugwa m’imibereho yiwe kuko ivyo avuga usanga ataco bisana n’ivyo akora mu buzima. Ikijanye n’iyo ntumbero, n’ingene uyo muntu yama ariko yerekana ko abandi bameze nabi, bafise ingeso mbi, bakoze ibitaroranye ; kenshi na kenshi akanabesha kugira koko uwo yiziziye amuteshe agateka imbere y’abandi. Intumbero ya kabiri ni iyo kurondera ingene yotera ubwoba uwo agomba kwifatira mu minwe, hanyuma nawe ace aza kurondera ko yomukingira. Ico gihe bishitse uko, aba yamuhejeje, aba yamwifatiye koko, uwo bifatiye ntaba aciyumvira, acika intama ikurukira gusa, canke inka bereka iyi ija ikagenda. Ni hamwe  rero umwe avuze uwundi aca akora, ata guhigimanga.

Leave a Reply

%d bloggers like this: